Urwanda rwasubije mu Burundi impunzi 1600

Impunzi 18 muri izo zahungutse zarishwe n'abajejwe umutekano muri Congo mu kwezi kw'icenda 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Impunzi 18 muri izo zahungutse zarishwe n'abajejwe umutekano muri Congo mu kwezi kw'icenda 2017

Ubutegetsi bw'u Rwanda bwasubije mu gihugu c'amavuko impunzi z'abarundi zirenga 1600 zaheruka kwinjira mu Rwanda mu ntango z'ukwezi kwa Gatatu uno mwaka, zivuye mu burengero bwa Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo.

U Rwanda ruvuga ko izo mpunzi zisubiye mu gihugu ku bushake bwazo, biturutse ko zitategerewe ku bijanye n'ukwemera mu vy'amadini, kudahuje n'amategeko y'ico gihugu.

Abo banyagihugu ntibemera kuvurigwa mu bitaro no kubarugwa hakoreshejwe amakanda y'intoke, nkuko bavyiganiye umumenyeshamakuru wa BBC.

Naho bahungutse, bavuze ko bafise amakenga ku mutekano wabo iyo bibutse ivyatumye bahunga.

Abo bantu bagizwe ahanini n'abagore hamwe n'abana, bashikanywe ku rubibe rwa Nemba ku mupaka w'u Rwanda n'u Burundi mu ntara ya Kirundo.

Ubutegetsi bw'u Rwanda bukoranye n'ishami rya Onu ryitaho impunzi, bakoresheje amabisi arenga 20 mu kwunguruza izo mpunzi hamwe n'imizigo yazo.

Ku ruhande rw'u Burundi izo mpunzi zakiriwe n'igipolisi cabanje kuzisuzuma mu kurindira ko abo mu butegetsi baashika.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko bari barushe kandi bagoyagoya badashaka kuvuga, ariko ngo bamwe muribo bashoboye kwemera ikiganiro

Umugore umwe muribo aravuga icatumye bafata ingingo yo gutaha mu gihugu c'amavuko.

''Twemeye kugira ngo aba batwakiriye ntitubagore kuko twari tubaruhishije kandi natwe twari turushe.

"Twaruhishijwe nuko baguma batubwira ngo ni muzane abana banyu ku nguvu (gucancwa) natwe tutabishaka.

"Twe mu bisanzwe twaraparanganye, twahuye n'ibibazo vyinshi: mu Burundi baratwishe, muri Congo baratwishe. Kuko n'ubundi twari gusubira gupfira mu kindi gihugu tuti reka tuje gupfira iwacu, " niko uwo mugore yiganye avuga.

Izo mpunzi zivuga ko zitari kwmerera ubutegetsi bw'u Rwanda ko haba ibimenyetso bizija ku mibiri, nkuko uwundi yavyiganye.

"Bikira Mariya yabivuze kuva mu za 90 ko birya bintu atari vyiza. Hanyuma rero hakugira ngo babidushireko ku nguvu hariya, abana babakingire ku nguvu, dusanga hagutakaza umutima, kuko ubishizeko yatubwiye ko umutima utwagwa na birya, uca ukontorogwa...tukumva ko Imana ariyo izodukontorora yonyene," niko uwundi mugore yavuze.

Ubutegetsi bw'u Rwanda buvuga ko butirukanye izo mpunzi ku gahato, bitewe nuko zonyene ziyemereye ko zitakwije ibisabwa ku wurondera ubuhungiro, niko Kayumba Olivier akora mu kigo c'igihugu citaho impunzi yavuze.

"Ivyangombwa kugira ngo baronke ubuhungiro basanze badashobora kuvyuzuza. Ivyo vya ngombwa ni ibihe? Nuko bandikwa ku buryo bugezweho "biometric registration".

"Ica kabiri nuko banka ko abana babo babona inkingo zikenewe kugira ngo babeho harimwo na "polio" . Bose banse ko tubavura, tubabaza ico bipfuza batubwira ko bashaka gutaha", niko Kayumba Olivier yavuze.

Izo mpunzi 1600 zahungutse ziri mu mugwi w'impunzi 2523 zinjiye mu Rwanda zivuye muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo mu ntango z'ukwezi guheze.

Bari bashizwe mu nkambi zitatu iya Gashora mu buseruko, iya Nyanza mu bumanuko hamwe n'iya Nyarushishi mu burengero bw'u Rwanda.