Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yiyemeje kurangiza ikibazo ca Eritreya

Abiy Ahmed yabaye umushikiranganji wa mbere inyuma yaho uwo yasubiriye atangiye imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Abiy Ahmed yabaye umushikiranganji wa mbere inyuma yaho uwo yasubiriye atangiye imihoho

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yarahiye uno munsi, yiyemeje kurangiza amatati ari hagati ya Ethiopia n'igihugu kibanyi ca Eritreya.

Avugira kuri televiziyo y'igihugu ahejeje kurahira, Bwana Ahmed yasavye ko "imyaka yo kutumvikana" irangira.

"Nsavye leta ya Eritreya kuvyifatamwo nkuko," niko yavuze.

Imigenderanire y'ivyo bihugu bibiri yagumye icumbagizwa n'ingwano ishingiye ku vy'imbibe imaze imyaka ibiri, yahitanye ubuzima bw'abantu 70000.

Yongeye ati: "Tuzofatana mu nda n'abavukanyi bacu b'abanyafrika muri rusangi, hamwe n'ababanyi bacu ku bw'umwihariko, mu bihe vyiza na bibi."

Igihugu ca Eritrea nticahaye agaciro kanini ivyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere mushasha wa Ethiopia.

Umushikiranganji wo guhererekana amakuru muri Eritreya, Yemane Gebre Meskel, yavuze ko atizeye ko hari kigiye guhinduka.

"Nta gitandukanye n'ivyari vyavuzwe nuwo yasubiriye. Umupira wagumye igihe kirekire mu kibuga ca Ethiopia. Nta mpari zihari kuko ukurondera kuzitorera umuti bimaze imyaka 16 kurangiye," niko Bwana Mekel yavuze.

Uwo mutegetsi yabandanije avuga ko Ethiopia yarikwiye kwubahiriza ibiri mu masezerano, ikubahiriza ubusugire bw'igihugu ca Eritreya mu kuva mu turere yigaruriye turimwo Badme.

Bwana Ahmed yavuze ko igihugu citeguriye gutorera inyishu ibitandukanya abanyagihugu b'ivyo bihugu bibiri, basangiye inyungu n'amaraso.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji Meskel yemeje ko amahoro yogirira akamaro abanyagihugu b'impande zose ariko ngo bigakogwa mu kwubahiriza amategeko mpuzamakungu "Ethiopia iguma ihonyanga gushika kuri ino tariki."

Ibindi bisa n’ibi