Inkino za Commonwealth 2018 zitangura uno munsi muri Autralia

Ibirori vyo gutanguza inkino za Commonwealth 2018 i Gold Coast muri Australia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanonotsi 4.500 bavuye mu bihugu 71 nibo bazohiganwa

Hatanguye ibirori vyo kwugurura icese inkino za Commonwealth, zihuza ahanini ibihugu bikoresha icongereza canke vyahoze bikoronijwe n'Ubwongereza, i Goald Coast muri Australia.

Abanonotsi barenga ibihumbi bine n'amajana atanu bavuye mu bihugu mirongo indwi na kimwe, nibo bazohiganwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inkino zihuza ibihugu ahanini bikoresha icongereza canke vyahoze ari ubukoroni bw'Ubwongereza

Uwukiri muto kurusha abandi, ni Anna Hursey afise imyaka cumi n'umwe, ava mu gihugu ca Wales, akaba akina umukino wa ping-pong.

Ihiganwa ryo kurasa ryo ririmwo umuntu ashaje kurusha abandi, Umunyecanada Robert Pitcairn w'imyaka 78.

Imbere y'uko ibirori bitangura, abaharanira agateka k'abasangwabutaka ba Australia bahungabanije umuce w'urugendo rw'inkoni ihanahanwa, igize ikimenyetso c'inkino.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwa w'Ubwongereza Charles n'umugore wiwe Camilla (bagira kane na gatanu uvuye ibubamfu) basabwe gusaaba uruhusha rwo kwinjira mu butaka bivugwa ko bwibwe

Basaba ko abaserukiye ubwami bw'Ubwongereza baje kurorera inkino, Umuganwa Charles n'umugore wiwe Camilla, basaba uruhusha rwo kugendera akarere, bavuga ko ari ubutaka bwibwe.

Muri zino nkino kandi igihugu c'u Rwanda naco nyene kiraserukiwe, kikaba gifisemwo abanonotsi bashika indwi.

Soma kandi:

Ibindi bisa n’ibi