Imashini z'amatora muri Congo zishobora kuzoteza ibibazo

Umugabo arimo aragerageza imashini bashaka gukoresha mu mtaro yo muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imashini bateganya gukoresha mu matora muri Congo ziteye impungenge

Leta ya Koreya y'Epfo imenyesha ko iteye kubiri n'ikoreshwa ry'imashini abantu bakozako intoki mu matora aho gutora bakoresheje impapuro bashira mw'isandugu.

Izo zikaba ari imashini ziteganya gukoreshwa mu matora yo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Ubutegetsi bwa Seoul bwaragabishije ko izo mashini zakozwe n'ishirahamwe ryigenga ryo muri ico gihugu zishobora guteza ibibazo.

Uru ruganda rwo muri Koreya rwitwa Miru systems, rwari rwasinyiraniye amasezerano n'umugwi ujejwe gutegura amatora muri Congo, babemerera ivyuma nyabwonko 106.000, imbere y'uko uyu mwaka uhera.

Izo nyabwonko zorohereza abatora kuko bakoza urutoke ku kiyo gusa; ikindi zifasha ni ukugabanya uburemere bw'impapuro zikoreshwa mu bihe vy'amatora.

Ikibazo kiri hehe?

Icahindutse ni uko leta ya Koreya imenyesha ubu ko ubwo buhinga budakwiranye n'igihugu ca Kongo.

Mw'itangazo Koreya y'epfo yasohoye, imenyesha ko ubwo buhinga bw'ukworosha igikorwa c'amatora vyoha akaryo leta ya Kongo ko kuvuga ko ivyavuye mu matora bitayishimishije.

Ngo ishobora guca inaboneraho akaryo ko kwigiza inyuma amatora, nk'uko iryo tangazo rya Koreya y'epfo ribandanya ribivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igerageza ry'izo mashini rirakomeza

Aya matora ategekanijwe kuwa 23 z'ukwicumi na kabiri, n'ukuvuga imyaka ibiri inyuma y'aho yari kubera, mu mategeko.

Iri tangazo rije rikurikira ivyo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaheruka gushikiriza mu kwezi kwa kabiri guheze.

Bavuga ko ataco bashobora kuvuga, kubijanye no gukoresha ivyuma nyabwonko mu matora yo muri Kongo.

Muri Afrika, Namibiya nico gihugu cambere cakoresheje ubwo buhinga bugezweho mu matora, hari mu 2014.

Ariko Namibiya yaharura abantu bakwije amategeko yo gutora barenga gatoyi umuliyoni, gusa.

Imiliyoni 60 nibo Banyekongo bamaze kwandikwa kuzotora, muri ico gihugu gifise ubukene bw'amatara izo nyabwonko zokenera.

Ibindi kuri iyi nkuru