Urubanza rwa Zuma rwungururijwe mu kwezi kwa gatandatu

Rais wa zamani wa Afrika Kusini Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uwahoze ari prezida wa Afrika y'epfo Jacob Zuma

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo Jacob Zuma yagirizwa kurya igiturire mw'isoko ry'ibigwanisho ryatanzwe mu 1990.

Zuma agishika gusa muri sentare nkuru ya Durban, inyuma y'iminota 15, urwo rubanza rwaciye rwungururizwa kw'itariki 8 z'ukwezi kwa gatandatu.

Zuma yagirizwa ivyaha 16 bijanye no kurya igiturire n'ubunyonyezi yagize kugira yironkere amahera.

Zuma yahatiwe kuva ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri n'aho yahakanye akarengwa ko hari ikosa yoba yarakoze.

Abamushigikiye bakwiragiye hirya no hino mu gisagara bagira imyiyerekano yo kumushigikira, mu gihe abatamwerekwa bariko baridogera sentare ko ifata umwanya muremure mu gufata ingingo.

Jacob Zuma yarengutse muri sentare muri Afrika y'epfo

Africa Yepfo ibandanya itanga uburyo mu rubanza rwa Zuma

Inyuma yo y'urwo rubanza, Zuma yashikirije ijambo abantu bari bakoraniye ngaho bari bamuherekeje muri sentare kuva muhira iwe.

"Sinari bwigere mbona aho umuntu yitwarirwa, hanyuma urubanza rugafutwa, mu nyuma inyuma y'imyaka myinshi ivyo vyaha bikagaruka". ni ko Zuma yavuze.

"Aya ni amayeri ya politike"

Image caption Abashigikiye Zuma imbere ya sentare

Inyuma y'aho, Zuma yaciye atera ururirimbo yaciye atamba ari kumwe n'abamushigikiye.

Image caption Hari kandi abajejwe umutekano amajana n'amajana