Papa asaba abagatolika kudafata minenengwe ikibazo c'abimukira

Papa Francis asaba abagatolika kugendera ubukirisu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis asaba abagatolika kugendera ubukirisu

Papa Francis yasavye ashimitse abagatolika kwirinda gufata minenengwe ingorane z'abimukira, bakagerageza kugendera ubukirisu.

Yavuze ko vyumvikana ngo abanyepolitike bakore ibintu nkivyo iyo barondera amajwi, ariko abakirisu ngo bakwiye kuvyirinda.

Uwurongoye igisata ca BBC ku vy'amadini yavuze ko ayo majambo asa n'ayo gukebura ku bijanye n'aho bamwe mu banyepolitike b'ijunja bahagaze, nka Prezida wa Amerika Donald Trump hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Hongrie aheruka gusubira gutogwa, Viktor Orban.

Intara ya Texas yashize igisirikare ku rubibe bahana na Mexique

Prezida Trump yatutse ibihugu vya Afrika, Haiti na El Savador

Papa asaba abagatolika kwirinda ingwano y'amajambo ikoregwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

(Yagabisha ku ngorane zo kutisunga amategeko y'urupfasoni, bikogwa no mu binyamakuru vy'abagatolika aho usanga abantu baguma bartyozana. Yavuze ko abakirisu hari ibihe biyobagiza ibwirizwa ry'umunani ribabuza kubesha no kubeshera abandi.)