Prezida Buhari azokwitoza ku kiringo ca kabiri

Bwana Buhari yaramaze igihe yivuza mu mwaka uheze ingwara itashizwe ahabona Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Buhari yaramaze igihe yivuza mu mwaka uheze ingwara itashizwe ahabona

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari azokwitoreza kurongora igihugu ku kiringo ca kabiri mu matora yo mu mwaka uza, niko ibiro vyiwe vyamenyesheje.

Bino bihagaritse amakenga amaze amezi, y'abibaza k'uwo mutegetsi w'imyaka 74 yoba yiyumvira gusubira kwitoza.

Ikiringo ciwe ca mbere caranzwe nuko yagumye akikwa n'amagara, bigatuma amara amezi mu Bwongereza yivuza.

Bwana Buhari yatsinze mu matora yo mu 2015 uwahora arongora igihugu Goodluck Jonathan.

Yabaye uwa mbere avuye mu mugambwe ugwanya intwaro, atsinze umukuru w'igihugu yari ku butegetsi.

Ivyo bimenyeshejwe mu gihe ategekanya kuja mu rugendo rw'akazi mu gihugu c'Ubwongereza.

Ategekanya guhura n'umushikiranganji wa mbere Theresa May, yongere akurikire inama y'abakuru b'ibihugu bo mu muryango wa "Commonwealth", itangura itariki 16 ukwezi kwa Kane.

Bwana Buhari yari mu "karuhuko ko kwivuza" mu Bwongereza, yamazemwo amezi atatu mu mwaka uheze.

Amaze gusubira mu gihugu ca Nigeria yagize ati: "Sinari ngwaye cane", ariko ntiyavuga ico yaragwaye.

Bwana Buhari azokwitoza kw'itike y'umugambwe uri ku butegetsi "All Progressives Congress".

Umugambwe ugwanya ubutegetsi "People's Democratic Party" nturamenyesha umukandida wawo.

Yarifatiwe mu gahanga na Prezida wa kera Olusegun Obasanjo, yanditse ikete amusaba kudasubira kwitoza kubera imyaka afise n'ikibazo c'amagara.

Bwana Obasanjo yabandanije avuga ko atanezerejwe na Bwana Buhari, asigura ko yananiwe kuzamura ubutunzi bw'igihugu ca Nigeria, ubwa mbere ku mugabane wa Afrika.

Umuvugizi wa Bwana Buhari avuga ko Prezida yakiranye umutima mwiza ivyo yakebuweko, ariko ngo abantu bakwiye kumenya ko hari ivyateye imbere ku burongozi bwiwe, nko kwicarira ingorane ziri muri Nigeria.

Ubutegetsi butanga akarorero nko kugwanya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu hamwe no gutuza umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram, buvuga ko wasubiye hasi.

Ibindi bisa n’ibi