Umukobwa w'umurusiya w'umusumyi w'urusaku yasohotse ibitaro

Yulia Skripal yaramaze igihe avurigwa mu bitaro vya leta vya Salisbury Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightYULIA SKRIPAL/FACEBOOK
Image caption Yulia Skripal yaramaze igihe avurigwa mu bitaro vya leta vya Salisbury

Yulia Skripal, umukobwa w'umurusiya yigeze kuba umusumyi w'urusaku Sergei, yasohotse ibitaro mu gihugu c'Ubwongereza.

Uwo mwigeme w'imyaka 33 yarekuwe n'ibitaro vya Salisbury ku munsi wa mbere, ajanwa mu kibanza aho ataco yokwinona.

Ibitaro vyagize bite: "Ntibisiguye ko arangije kuvugwa ariko ni intambwe nini."

Se wiwe w'imyaka 66 aracari mu bitaro ariko "akaba atora mitende buhoro buhoro ugereranije na Yulia".

Bose ukwo ari babiri bari binjijwe ibitaro itariki 4 ukwezi kwa Gatatu, bahejeje kugabwako igitero c'ubumara Novichok.

Itangazo ryanditswe na Madamu Skripal ryasohowe n'igipolisi mu ndwi iheze, ryavuga ko "amagara aguma aba meza ukwo iminsi yiyongera".

Bwana Skripal aracari mu bitaro vya Salisbury ariko ntakiremvye.

Umuyobozi w'ibitaro Dr Christine Blanshard yagize ati: "Naho aronka mitende buhoro buhoro ugereranije na Yulia, twizeye ko azoshobora kuva mu bitaro igihe icarico cose".

Leta y'Ubwongereza yavuze ko Uburusiya bufise uruhara mw'ico gitero c'ubumara, umushikiranganji wa mbere Theresa May avuga ko Moscou ikwiye gukurikiranwa kuri ico gitero.

Ubutegetsi bw'Uburusiya bwarahakanye ko bubifisemwo uruhara, ahubwo bwagiriza Ubwongereza kurementanya "inkuru y'ibinyoma".