Umugore yatanga umuti wo kwibungenga yapfunzwe muri Guinée

Abagore bahabwa uruvange rw'amababi, ivyatsi n'iyindi miti yatuma inda zivyimba Uwufise ububasha kw’isanamu BBC'S ALHASSAN SILLAH
Image caption Abagore bahabwa uruvange rw'amababi, ivyatsi n'iyindi miti yatuma inda zivyimba

Umugore wo mu gihugu ca Guinée yagurisha umuti ku bagore b'ingumba abemeza ko bashobora kwibugenga, yakatiwe igipfungo c'imyaka itanu.

N'na Fanta Camara yavangatiranya imiti yatuma inda zabo zivyimba.

Uwo mugore yakoresha imiti yo mw'ishamba ngo yahenze abagore barenga 700, abasaba amahera menshi cane igihe abaha iyo miti.

Umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Conakry, Alhassan Sillah yavuze ko abahenzwe bababajwe no kubona sentare itamukatiye igihano gikomeye.

Ubuvuzi bushingiye ku miti yo mw'ishamba n'imigenzo ya kera, buragwiriye muri Guinée no mu tundi duce twa Afrika.

Camara, yagirijwe gukoresha imiti itariyo no kwigira umuganga mu gutanga ibishobora guhungabanya ubuzima, yasabwe kuriha amadolari $165000 y'inshumbusho.

Abantu babiri bandi bakorana ubwo bubisha bagirijwe ivyaha bimwe, bakatigwa igipfungo c'imyaka itatu n'ine.

Inda itangura kuvyimba

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC'S ALHASSAN SILLAH
Image caption Abagore barenga 700 ngo nibo bahenzwe banywa iyo miti ivyimbisha inda

Umwe mu bakoresheje iyo miti yabwiye BBC ati: "Yaduha imiti ikozwe mu mababi hamwe no mu vyatsi igatuma tudahwa. Akatwemeza ko ari ku neza yacu.

"Usubiyeyo ubwa kabiri, yaguha ivyatsi vyinshi n'amababi yatetse ukanywa. Ubandanije ufata iyo miti, inda yaca itangura kuvyimba.

"Haheze igihe twarasubirayo, akadusuzuma akora ku nda munyuma akavuga ko twasamye inda. Ariko akatwihanikiza kuja ku bitaro.

"Ntitwasiba kuja mu butinyanka kira kwezi. Umunsi akubwiriye ko wasamye inda, yaca aguha igikwembe hamwe n'inkoko uhejeje kumuriha amahera ya mbere.

Ibindi bisa n’ibi