U Burundi bubandanije kurega u Rwanda gutegura kubutera

Icegera ca kabiri c'umukuru w'u Burundi, Gaston Sindimwo Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Bwana Gaston Sindimwo avuga ko u Burundi bwiteguriye kwivuna kandi ko bufise ubushobozi

Igihe icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Gaston Sindimwe, yabonana n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, ikibazo c'uko u Rwanda rushaka guteka u Burundi cavuzweko cane.

Bwana Gaston Sindimwo yari aramutse agiye gushikiriza abo baserukiye abanyagihugu ico ubushikiranganji ajejwe bwaranguye.

Umushinkamateka Mbayahaga Bede niwe yabajije ikibazo c'inyigisho za gisirikare zihabwa urwaruka rw'Abarundi rwahungiye mu Rwanda.

Yagize ati: "Turumva mu gihugu kibanyi c'u Rwanda hariko harabera imyimenyerezo ya gisirikare kugira baze kudurumbanya igihugu cacu c'u Burundi.

"Ugerageje kuraba kandi n'Abarundi bariyo bariko baragerageza kugira iyo mihari y'ikoreberi, si aboza gutera igihugu cacu c'u Burundi ngo baje kugifata. No ku mupaka ntiboharengana.

"Vyumvikane y'uko n'abariko baragira imyimenyerezao ari abazoza imbere berekana inzira, inyuma hazoba hari igihugu c'u Rwanda."

Bwana Mbayahaga yaciye abaza ico leta y'u Burundi iriko irakora kugira iyo myimenyerezo ya gisirikare ihagarare bataraza kudurumbanya igihugu.

Igikorwa c'ibanga

Ariko umukuru w'inama nkenguza mateka, Reverien Ndikuriyo, ntiyashimye ko ico kibazo coza kuganirwako mu nama nshingamateka.

Bwana Ndikuriyo yagize ati: "Mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ntitwaje kugira ama 'strategies militaires' y'ingene tworwana n'u Rwanda canke ikindi gihugu.

"Nibaza yuko nyakwubahwa (icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu) ama 'strategies' tutoyavugira ngaha, abantu bose boca babimenye, ni akanywababo.

"Nibazako tutobandanya kuko ngaha hariho abarindiriye inyishu, co kimwe nk'uko hari n'abari hakurya y'amazi nabo barindiriye iyo nyishu. Nivyashika, birapanze."

U Burundi buriteguye

Icegera ca mbere c'umukuru w'u Burundi, Gaston Sindimwo, yaseye nk'uwuvuga kimwe n'umukuru w'inama nkenguzamateka y'uko ico kibazo kitovugirwa ngaho.

Ariko bwana Sindimwo yavuze ko uwo wese azotera u Burundi, ko ico gihuhgu citeguye ngo kizokwivuna kandi ngo ubushobozi kirabufise.

Imigenderanire hagati y'u Rwanda n'u Burundi yatanguye kwunyuka kuva mu 2015, igihe habereye ibikorwa vyo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Vyatanguye bwana Nkurunziza amaze kugenwa n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD ngo azowuserukiye mu matora yo mu 2015, ikiringo bavuga ko ari ica kabiri, ariko abatavuga rumwe nawe bakavuga ko ari ica gatatu, giteye kubiri n'amategeko.

Hakurikiye imyiyerekano mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura, haza no kuba igerageza ryo gutembagaza ubutegtsi.

U Burundi bwagumye buvuga ko leta y'u Rwanda iha inyigisho za gisirikare urwaruka rw'Abarundi rwahungiyeyo, ariko u Rwanda rwamye rubihakana.