Impanuka y'indege yahitanye abarenga 250 muri Algeria

Abatabazi banyarukiye mu kibanza iryo sanganya ryabereyemwo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatabazi banyarukiye mu kibanza iryo sanganya ryabereyemwo

Impanuka y'indege ya gisirikare yahitanye niburiburi abantu 257 mu gihugu ca Algeria, niko ibinyamakuru bivuga.

Abantu 26 bo mu mugwi Front Polisario ushigikiwe na Algeria kandi urondera kwikukira wiyonkoye kuri Maroc muri Sahara yo mu burengero, bari mu bapfuye.

Iyo mpanuka yabaye haheze umwanya muto indege ivuye hasi ku kibuga c'indege ca gisirikare c'i Boufarik hafi y'umugwa mukuru Alger, ariko ntawuzi icatumye ihanuka.

Nta gitigiri ntabanduka c'abahasize ubuzima kirashikirizwa.

Impanuka y'indege yahitanye abantu bane i Abidjan

Amashusho y'aho iryo sanganya ryabereye yerekana umwotsi uva ku bisigarira v'indege iri mu murima.

Amakuru yashikirijwe na televiziyo avuga ko indege zo kwunguruza abagwaye (ambulances) 14 zari muri ico kibanza, zitwara abakomeretse kwa muganga.

Umukuru w'igisirikare yasavye ko hakogwa itohoza kw'ihanuka ry'iyo ndege, yemera ko agiye kwishikira muri ico kibanza, nkuko itangazo riva mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi rivuga.

Haraheze imyaka ine iyindi ndege itwaye abakozi bo mu gisirikare hamwe n'imiryango yabo ihanutse muri Algeria ikica abantu 77.