Umupfasoni Jeanne Gapiya Niyonzima, umurundikazi ari mu bagiye imbere abandi mu kurwanya umugera wa Sida mu Burundi no muri Afrika, abona ko ivyavuye mu nama y’icenda yahuje ibihugu bivuga igifaransa mw’isi, kuva itariki 4 kugeza 7 z’ukwa kane, bikwiye gufatwa nkama.
Gutyo vyofasha mu migambi y’ibihugu ijanye no kurwanya umugera VIH/Sida n’indwara zifatira mu gitigu, zikibangamiye ibihugu bitaratera imbere.