Burundi: Ugutererera amatora ntibishimisha bose

Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu Joseph Butore
Image caption Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu Joseph Butore

Bamwe mu bashingamateka n'abakenguzamateka baranegura ko hari bamwe mu bakozi ba reta bakatwa ku gahato amafaranga ku mishahara yabo mu ntumbero yo guterera amatora yimirije.

Babishikirije kuri uno wa gatatu igihe icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, Joseph Butore, yashikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka ivyo ubushikiranganji bukukira ibiro vyiwe bwaranguye mu gice ca kabiri c'umwaka uheze.

Bavuga ko umuntu aterera ku bushake bwiwe. Joseph Butore amenyesha ko ico kibazo ataco yari bwumve.

Abo bashingamateka n'abakenguzamateka bemeza ko hari abakozi ba reta bari baranditse basaba ko batokatwa amafaranga ku mishahara yabo kubera imvo zitandukanye, ariko ngo ivyo basavye ntivyafatiweko.

Umushingamateka Mbonigaba Noé ni umwe mubashikirije amakenga.

« Mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta n'ubw'intwaro yo hagati mu gihugu bari bashize umukono kw'itegeko rijanye n'intererano y'amatora.

Vyarateye impari gushika n'aho bafata ingingo yuko umuntu aterera ku bushake bwiwe ko n'uwudakeneye gukatwa yokwandika akabimenyesha.

Ariko ubu turumva imyidogo ahatari hake yuko abasavye ko batokatwa vyarenzweko barabakata. Nagira nsabe umuco » nikwo Mbonigaba Noé avuga.

Icegera ca Kabiri c'umukuru w'igihugu, Joseph Butore, ati ayo makuru ndayumviye aha.

« Jewe nukuri abo bantu baterera ku gahato jewe ntawe nzi. Urwo rutonde rw'abanditse basaba kudakatwa jewe ntarwo ndumva", nikwo Butore avuga.

Kuri uyu wa kabiri ab'episkopi katolika bo mu Burundi bari bashoye itangazo bamenyesha aho bahagaze ku bijanye n'intererano y'amatora.

Bagira bati "hari abantu baturubikwa bagahatirwa guterera kabiri gatatu kandi benshi ata n'amikoro manini bafise".

Ikindi, abo bungere b'ekleziya katolika biyumvira yuko vyobaye vyiza ababijejwe babanje kwerekana ibiharuro vy'uburyo bukenewe ukwo bungana, bakavuga n'ubumaze kuboneka, gurtyo bakerekana n'ubugikenewe ukwo bungana kugira umuntu aterere ico ashoboye azi intambwe igezweko".

Uno musi, Icegera ca kbairi c'umukuru w'gihugu yari aramutse ashikiriza imbere y'inama nshingamateka na nkenguzamateka icegeranyo c'ivyaranguwe n'ubushikiranganji 12 bukukira ibiro vyiwe.

Mu bindi bibazo vyagarutsweko harimwo ikijanye n'ubukene bw'imiti bwibonekeza mu gihugu c'uburundi hamwe n'ic'ubukene bw'amavuriro mu ntara ya Kirundo.

Ku kijanye n'ubukene bw'imiti Joseph Butore yamenyesheje ko reta iriko irakora ukwo ishoboye kugira ibintu bije mu buryo.

Ku ngorane yo mu kirundo nayo yishuye ko kigiye kwigwa vuba.

Ibindi bisa n’ibi