Abanyarwanda n'abaganda babuzwe irengero mu nkino za Commonwealth

Arcangeline Fouodji Sonkbou ari mu banonotsi ba Cameroun babuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arcangeline Fouodji Sonkbou ari mu banonotsi ba Cameroun babuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu

Abateguye inkino za Commonwealth zibera mu gihugu ca Australia bavuze ko abandi banonotsi batanu baturuka muri Afrika babuzwe irengero.

Bavuga ko bariko barabahiga, nabo ngo bakaba barimwo abaturuka mu bihugu vy'u Rwanda na Uganda.

Hagataho abanya Cameroun umunani babuzwe irengero kuva ku munsi wa gatatu baracarondegwa.

Abateguye inkino bariko barondera kandi abakinyi babiri ba "squash" baturuka mu gihugu ca Sierra Leone.

Mu nkino za Olympique zo mu 2000 mu gisagara ca Sydney, abanonotsi barenga 100 bararengeje ikiringo bari barekuriwe kuba mw'ico gihugu.

Ibindi bisa n’ibi