Uburusiya ngo "burazi neza uwagavye igitero c'ubumara"

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu Sergueï Lavrov
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu Sergueï Lavrov

Igihugu c'Uburusiya kivuga ko gifise ibimenyetso ntahinyuzwa vyerekana ko igitero c'ubumara cagabwe ku banyagihugu muri Siriya, cafashijwemwo n'ikigo c'iperereza c'ikindi gihugu.

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergueï Lavrov ntiyavuze igihugu abakozi b'ico kigo c'iperereza boba baje bavamwo.

Moscou ishigikiye leta ya Siriya bacuditse, ivuga ko inyeshamba zo mu gisagara ca Douma arizo zarementanije ivy'ico gitero c'ubumara.

Ku rundi ruhande, ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko isuzuma ryakozwe ku bantu bibasiwe n'ico gitero, ryerekana ko ubumara bwa "chlore" na "sarin" aribwo bwakoreshejwe.

Nta cegeranyo kirasohogwa ku kuntu ico gitero cagabwe, ariko ibihugu vya Amerika n'Ubwongereza vyemeranije ko gukoresha ivyo bigwanisho vy'ubumara bitegerezwa guhanwa.