RD Congo ntiyitavye inama y'abipfuza kuyifasha

Impunzi nyinshi za Congo zahungiye mu gihugu kibanyi ca Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Impunzi nyinshi za Congo zahungiye mu gihugu kibanyi ca Uganda

Igihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo) nticitavye inama ya Onu y'abagiraneza ifise intego yo kwegeraniriza igihugu umuliyaridi $1.7.

Onu ivuga ko abanye Congo imiliyoni 13 bakeneye imfashanyo, ivyo ngo vyofasha kwirinda kw'ibara rigwa.

Leta ya Congo yo ivuga ko Onu yashikuje ishikiriza ico kibazo, ko kitari kuri urwo rugero.

Amashirahamwe y'abagiraneza avuga ko abantu imiliyoni 4.5 bakuwe mu ngo zabo n'ubwicanyi, inzara be n'umutekano muke.

Ibihumbi vy'abanye Congo baba mu buhungiro mu gihugu ca Uganda.

RD Congo: Onu ivuga ko abana 46000 bahunze ingwano

RD Congo ngo ntizitaba inama y'abagiraneza y'i Genève

DR Congo ifise ubutunzi bwinshi bushingiye ku butare n'ibindi, ariko ikaba ibangamiwe n'imigwi y'inyeshamba, ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu hamwe n'uruhagarara rwa politike ruharangwa.

Ku bipimo Unu yishimikiza, uwo muryango uvuga ko abanyagihugu ba Congo bageramiwe ku rugero rwa gatatu, urwa nyuma mu vy'ubutabazi.

"Uravye ibitigiri vy'abantu bakeneye imfashanyo, nico kimwe no muri Yemeni na Siriya," ni ivyavuzwe na Jan Egeland, yahora arongoye ikigo ca Onu co kugarukira ku mbabare Ocha, ubu asigaye atwara ikigo ca Norvège citaho impunzi "Norwegian Refugee Council" (NRC).

"Ntababesha sinari niteguriye kubona abantu bababaye bangana ukwo," niko yabandanije avuga.