Prezida Ali Bongo wa Gabon ari mu rugendo mu Burundi

Prezida Pierre Nkurunziza (i buryo) yasanganiye Ali Bongo ku kibuga c'indege ca Bujumbura
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza (i buryo) yasanganiye Ali Bongo ku kibuga c'indege ca Bujumbura

Umukuru w'igihugu ca Gabon Ali Bongo arongoye umuryango wo guhanahana ibidandazwa w'ibihugu vya afrika yo hagati "Communauté Economique des États de l'Afrique Centrale" (CEEAC) yagendeye igihugu c'u Burundi kuri uyu wa gatanu.

Ashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura, uwo mukuru w'igihugu yakiriwe na Prezida Petero Nkurunziza, abagize leta n'abo mu rwego rwa Gisirikare.

Image caption Ali Bongo agenzura inteko za gisirikare z'u Burundi

Nkuko abo bategetsi babi babimenyesheje inyuma y'umubonano wabaye mu mwiherero, urugendo rwari rufise intumbero yo kuganira ku bibazo bihanze ibihugu vyo muri uwo muryango kugira bishike kw'iterambere.

Ali Bongo yavuze ko ari ngombwa ko ibihugu bihurikiye mu muryango wa CEEAC vyama na ntaryo biganira ku bibazo vy'ubutunzi.

« Ibihugu bigize uwu muryango birafise ico bihuriyeko. Bifise ahanini n'abanyagihugu b'urwaruka. Bikenewe rero ko twiyumvirira hamwe ingene turonsa abanyagihugu bacu ivyo bafungura n'akazi. Ivyo bibonetse amahoro n'umutekano bica bisasagara mu bihugu vy'uwu muryango », nikwo Ali Bongo yabwiye abamenyeshamakuru.

Ikibazo c'imigenderanire hagati y'u Burundi n'u Rwanda itifashe neza, kiri muvyagarutsweko.

Ivyo bihugu vyompi bisanzwe bihurikiye mu muryango CEEAC.

Ahanini abamenyeshamakuru bashatse kumenya ingene umukuru w'uwo muryango abona iyo migenderanire n'icokorwa kugira izo ngorane zitorerwe inyishu.

Ali yishuye ati : « Ibihugu vy'umugabane wa Afrika vyaramaze kugira nk'umugenzo ukuganira n'ukwumviriza. Abantu rero bafise ugushaka ntacobuza ko bicaye hamwe botora inyushu y'ibibazo bibahanze », nikwo Ali Bongo yishuye.

Image caption Abagize leta y'u Burundi nabo nyene basanganiye Ali Bongo

Umukuru w'igihugu c'uburundi Petero Nkurunziza yamenyeshejeko icangeza uwo mushitsi atari ibibazo bihanze u Burundi muri politike kubera ku bwiwe ivyo ari ibibazo biraba abarundi ubwabo.

« Ntabwo yaje kuraba ibibazo bihanze abarundi kubera isi nzima ihanzwe n'ibibazo. Muri amerika hari ibibazo, iburaya hari ibibazo, mu Burundi hari ibibazo eka no muri Gabon birahari. Yaje kugira duhanahane ivyiyumviro ku nyishu twotorera ibibazo bihanze ibihugu vy'akarere mu vy'ubutunzi », nikwo Petero Nkurunziza asigura.

Umukuru w'umuryango wa CEEAC yaramaze hafi ukwezi ariko aragendera ibihugu vy'uwo muryango.

Avuga ko arivyo abakuru b'ibihugu bigize uwo muryango bari bumvikanye ko uwurongoye uwo muryango yoja aragendera ibihugu vyose kugira abone ingorane bifise.

Umuryango a CEEAC watanguye mu 1983, ukaba ugizwe n'ibihugu 11 arivyo Angola, Burundi, Cameroun, Centrafrique, Congo, Gabon, Guinée Equatoriale, Repubulika iharanira demokarasi ya kongo, Rwanda, sao Tome na Tchad.

Ibindi bisa n’ibi