Ali Bongo Ondimba "ntiyazanywe n'ibibazo biri mu Burundi"

Prezida Pierre Nkurunziza (i buryo) w'u Burundi na Ali Bongo (i bubamfu) wa Gabon Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza (i buryo) w'u Burundi avuga ko igigenza Ali Bongo (i bubamfu) wa Gabon atari ibibazo biri mu Burundi, ngo kuko hose kw'isi ibibazo biriho

Umukuru w'igihugu ca Gabon, Ali Bongo Ondimba, ari nawe aramutswa umuryango wo guhanahana ibidandazwa w'ibihugu vya Afrika yo hagati (CEEAC) yashitse mu Burundi uno munsi.

Bwana Bongo ashitse ku kibuga c'indege ca Bujumbura mu gitondo c'uno munsi, yakiriwe na Petero Nkurunziza arongoye u Burundi.

Nk'uko abo bategetsi babiri babimenyesheje inyuma y'umubonano wabaye mu mwiherero, urugendo rufise intumbero yo kuganira ku bibazo bihanze ibihugu vyo muri uwo muryango kugira bishike kw'iterambere.

Ali Bongo yavuze ko ari ngombwa ko ibihugu bihurikiye mu muryango wa CEEAC vyama na ntaryo biganira ku bibazo vy'ubutunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Prezida Bongo avuga ko kugenda ibihugu vy'umuryango CEEAC biri mu vyo ajejwe

Bwana Bongo yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Ibihugu bigize uwu muryango birafise ico bihuriyeko. Bifise ahanini n'abanyagihugu b'urwaruka.

"Bikenewe rero ko twiyumvirira hamwe ingene turonsa abanyagihugu bacu ivyo bafungura n'akazi. Ivyo bibonetse amahoro n'umutekano bica bisasagara mu bihugu vy'uwu muryango".

Imigenderanire y'u Rwanda n'u Burundi

Ikibazo c'imigenderanire hagati y'u Burundi n'u Rwanda itifashe neza, kiri mu vyagarutsweko mu gihe ivyo bihugu vyompi bisanzwe bihurikiye mu muryango CEEAC.

Ahanini abamenyeshamakuru bashatse kumenya ingene umukuru w'uwo muryango abona iyo migenderanire n'icokorwa kugira ingorane zihanze u Burundi zitorerwe inyishu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Prezida Ali Bongo yakiranywe igishika mu Burundi

Ali yishuye ati: "Ibihugu vy'umugabane wa Afrika vyaramaze kugira nk'umugenzo ukuganira n'ukwumviriza. Abantu rero bafise ugushaka ntacobuza ko bicaye hamwe botora inyushu y'ibibazo bibahanze".

Umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza yamenyesheje ko icagenza uwo mushitsi atari ibibazo bihanze u Burundi muri politike kubera ku bwiwe ivyo ari ibibazo biraba Abarundi ubwabo.

Bwana Nkurunziza yagize ati: "Ntabwo yaje kuraba ibibazo bihanze Abarundi kubera isi nzima ihanzwe n'ibibazo. Muri Amerika hari ibibazo, i Buraya hari ibibazo, mu Burundi hari ibibazo eka no muri Gabon birahari.

"Yaje kugira duhanahane ivyiyumviro ku nyishu twotorera ibibazo bihanze ibihugu vy'akarere mu vy'ubutunzi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Ali Bongo yagize urugendo rw'umunsi umwe mu Burundi, akaba amaze iminsi agendera n'ibindi bihugu vy'umuryango CEEAC

Umukuru w'umuryango wa CEEAC yari amaze hafi ukwezi ariko aragendera ibihugu vy'uwo muryango.

Avuga ko ari vyo abakuru b'ibihugu bigize uwo muryango bari bumvikanye ko uwurongoye uwo muryango yoja aragendera ibhugu vyose kugira abone ingorane bifise.

Umuryango a CEEAC watanguye mu 1983, ukaba ugizwe n'ibihugu 11 arivyo Angola, Burundi, Cameroun, Centrafrique, Congo, Gabon, Guinée Equatoriale, Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Rwanda, sao Tome na Tchad.

Ibindi bisa n’ibi