Abagwanyi biyitiriye Onu mu kugaba igitero muri Mali

Abasirikare ba Onu bacungereye umutekano kw'ihoteli i Bamako mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Onu bacungereye umutekano kw'ihoteli i Bamako mu 2015

Igitero ca roketi n'ibombe yatezwe mu modoka ku basirikare b'abafaransa ba Onu cahitanye umuntu umwe abandi benshi barakomereka muri Mali.

Abo bagwanyi bari bambaye nk'abasirikare ba Onu bafasha kugarukana amahoro muri Mali, bari bafise inkofero za Onu, imodoka barimwo ikaba yarishushanijweko ikiranga Onu, imbere yuko batera ibirindiro bibiri hafi y'ikibuga c'indege ca Tombouctou.

Umugwi wa Onu warungitswe gutsimbataza amahoro muri Mali, wemeje ko umwe mu basirikare bawo bishwe.

Abandi cumi na bangahe barimwo abasirikare b'abafaransa bakomeretse, nkuko leta yabishikirije.

Mw'itangazo ryasohowe, umushikiranganji ajejwe umutekano yavuze ko abo bagwanyi bateye roketi nyinshi bambaye inkofero za Onu.

Ngo hari n'imodoka zibiri zirimwo ibisasu biturika.

Imwe muri izo modoka ngo yaturitse, iyindi yari ifise ikimenyetso ca Onu irahagarikwa, nkuko uwo mushikiranganji yavuze.

Uwo mushikiranganji avuga ko naho abantu batanu bakomeretse, ko ingwano yarangiye kandi ko ibintu vyasubiye mu buryo.

Ibitero ku basirikare ba Onu hamwe n'aba leta biramenyerewe muri ico gihugu ca Mali, cahora gikoronizwa n'Ubufaransa, muri kino gihe bugifasha mu vya gisirikare.

Ikigo kijejwe umutekano cabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP, ko igitero cabaye kitari bwigere kiboneka i Tombouctou.

"Ntitwari bwigere tubona igitero nk'iki," niko umwe mu bari mu butegetsi bw'i Tombouctou yavuze.

Umugwi w'abasirikare ba Onu bafasha kugarukana amahoro muri Mali watwawe muri ico gihugu mu 2013, igihe aba Tuareg bagumukiye.

Abasirikare 11000 nibo bariyo hamwe n'abapolisi 1741, umurimo barimwo uri mu ya mbere ivugwa ko iteye ubwoba.

Imbere y'igitero ca roketi co ku munsi wa Gatandatu, abakozi 162 ba Onu nibo bamaze kwicwa mu myaka itanu irangiye.

Uno mwaka abasirikare indwi bafasha gutsimbataza amahoro muri Mali nibo bamaze gupfa.

Ibindi bisa n’ibi