Abakora itohoza ku gitero c'ubumara muri Siriya barungitswe

Umugwi w'abahinga b'ikigo kigenzura ikoresha ry'ibigwanisho vy'ubumara "Organisation for the Prohibition of Chemical Weapons" witezwe mu gisagara ca Douma muri Siriya, ngutohoze ko hari ubumara bwakoreshejwe mu gitero co mu ndwi heze cahitanye abantu benshi.
Umuzo wabo ushitse ibihugu vya Amerika, Ubwongereza hamwe n'Ubufaransa bigavye ibitero vyo kwihora mu bibanza vy'ibigwanisho vy'ubumara.
Leta ya Siriya yarahakanye ko itigeze ikoresha ibigwanisho vy'ubumara ku gisagara ca Douma.
Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko abakora itohoza bipfuza kumenya ubumara bwakoreshejwe muri ico gitero, ubwitwa "chlore" na "sarin" bukaba buri mu bwikekwa.