Umunya vyese yazize guhamagarira ubwiyunge bwa Somalia

Nacima Qorane in an undated handout picture from Somaliland's Human Rights Centre Uwufise ububasha kw’isanamu Human Rights Centre Somaliland
Image caption Umunya vyese Nacima Qorane yahamwe n'icaha co guhamagarira iyo ntara ya Somaliland ngo yiyunge na Somalia

Sentare y'intara ya Somaliland yiyonkoye kuri Somalia yaciriye igipfungo c'imyaka itanu, umwigeme umwigeme avuga ivyese imwagiriza guhamagarira Somaliland kwiyunga na Somalia.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Somaliland yavuze ko umwigeme Nacima Qorane yimwe uburenganzira bwiwe bwa zina kiremwa muntu.

Somaliland yiyonkoye kuri Somalia mu 1991, n'aho ico gihugu kitemewe ku rwego mpuzamakungu.

Umwigeme Qorane yafashwe mu kwezi kwa mbere avuye mu gisagara ca Mogadishu ku mugwa mukuru wa Somalia, aho yavuga ko avuye avuye kuvuga ivyese bihamagarira ubwiyunge bw'igihugu ca Somalia.

Inyuma y'intambara z'urutavanako mu buraruko bushira uburengero bwa Somalia, vyatumye haba ukwicamwo ibice kuri ico gihugu, gushika aho Somaliland itangaza ko ari igihugu cigenga.

Akarere ka Somaliland kabamwo abantu bagera ku miliyoni 3.5.

Umushikirizamanza mukuru wa republika avuga ko uwo mwigeme yahamwe n'icaha co gucafuza iguhgu ciwe, no kudakunda reta y'igihugu ciwe ca Somaliland.

Ikigo kijejwe agateka ka zina muntu muri Somaliland casavye reta y'ico gihugu kurekura Nacima Qorane, no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

"Uburenganzira bwo gushikiriza ico umuntu ashatse n'ikintu gitegekaniwe mw'ibwirizwa shingiro rya Somaliland. Ni co gituma dusaba ico gihugu kwubahiriza ibwirizwa shingiro ryaco co nyene."

Umukuru w'ico kigo, Guleid Ahmed Jama yabwiye BBC ko afise ubwoba bw'iryo hagarikwa n'ipfungwa ry'uwo mwigeme.

Si we muntu wa mbere yagirijwe icaha nk'ico kuko hari igitigiri kinini c'abamenyeshamakuru hamwe n'abaririmvyi bigeze guhagarikwa bagirizwa icaha nk'ico muri Somaliland.