Igisirikare c'u Burundi gihakana ko ata waco yishwe rubi i Mogadishu

Abasirikare b'Abarundi bari mu mugwi Amisom
Image caption Abasirikare b'Abarundi bari mu mugwi Amisom

Umuvugizi w'abasirikare b'Abarundi baharariye amahoro muri Somalia mu mugwi Amisom ahakana ibivugwa na Al Shabab yuko yishe Umurundi ikamukwega ikiziga mw'ibarabara.

Capitaine Prosper Hakizimana yabariye BBC ko ayo makuru atariyo, kuko ngo baharuye abasirikare babo bose basanga barakwiye, ngo rero uwo muntu ntashobora kuba ari Umurundi.

Amasanamu yagaragaye henshi ku rubuga rwa internet, yerekana abanye Somalia bariko barakwega ikiziga c'umuntu mw'ibarabara, bikavugwa ko ari ic'umusirikare w'Umurundi.

Abajijwe ingene umutekano wifashe muri rusangi, Cpt Hakizimana yavuze yuko bisigaye ari agahengwe ngo kuko abagwanyi ba Al Shabab bamaze gukurwa mu bice vyinshi.

Al Shabab ariko nayo yemeza ko abo yita abahakanyi (Abasirikare ba Uganda n'u Burundi), ngo babangamiwe kandi ngo nta gahengwe izobaha.

Uganda n'u Burundi nivyo bihugu vyonyene vyarungitse ingabo guhagararira amahora muri Somalia, ariko kubera igitigiri gito cabo, intambwe ntiraba nini mu kugarukana amahoro.