Imyaka 17 iraheze Melchior Ndadaye agandaguwe

Urwibutso rw'umuhisi Prezida Melchior Ndadaye
Image caption Urwibutso rw'umuhisi Prezida Melchior Ndadaye

Mu Burundi uno munsi bibutse igandagurwa rya Presida Melchior Ndadaye, amaze imyaka 17 agandaguwe.

Imihango y'uno munsi yabereye ku rwibutso rushasha rwubakiwe umuhisi Melchior Ndadaye, afatwa nk'incungu ya demokrasi mu Burundi.

Prezida Dandaye yagandaguwe amaze iminsi ijana n'ibiri gusa abaye umukuru w'igihugu wa mbere yari yatowe n'abanyagihugu.

Yishwe mw'ijoro rya 21 ukw'icumi 1993 hamwe na bamwe mu bategetsi muri leta no mu nama nshingamateka.