Tottenham igiye kugura Bongani Khumalo

Bongani Khumalo
Image caption Umukinnyi w'inyuma Bongani Khumalo

Ikipe y'umupira w'amaguru ya Tottenham yo mu kiciro cya mbere mu Bwongereza yasinye amasezerano yo kugura umukinnyi w'inyuma Bongani Khumalo ukomoka muri Afurika yepfo.

Bongani Khumalo usanzwe akina mu ikipe ya SuperSport United yari amaze igihe ageragezwa n'ikipe ya Tottenham.

Tottenham yavuze ko izamugura mu kwezi kwa mbere miliyoni imwe n'igice z'amapawundi ni ukuvuga hafi miliyoni 2 n'ibihumbi 400 z'amadolari.

Uyu mukinnyi ukina mu ba kabiri aje akenewe cyane mu ikipe ya Tottenham imaze iminsi ifite ibibazo by'imvune mu bakinnyi b'inyuma.

Bongani Khumalo yakiniye ikipe y'igihugu cya Afurika mu mikino iherutse yo guhatanira igikombe cy'isi cy'umupira w'amaguru.

Yagaragaye mu mikino yose ikipe ya Afurika yepfo yakinnye ndetse anatsinda igitego mu mukino Afurika yepfo yatsinzemo Ubufaransa ibitego bibiri kuri kimwe.