Burundi: Impunzi z'abanye Kongo ziratahuka

Impunzi z'abanye Kongo
Image caption Impunzi z'abanye Kongo

Impunzi z'abanye Kongo ziba mu nkambi ziri mu buraruko bw'u Burundi zatanguye gutahuka uno munsi, izishika ku majana abiri zikaba zerekeje urubibe rwa Gatumba zija muri Kongo.

Nyinshi mw'izo mpunzi zari zimaze imyaka irenga cumi ziba mu Burundi, zikaba zahaje zihunga imvururu zari mu buseruko bwa Kongo mu ntara za Kivu.

Ariko naho ziriko zirataha, Abanyamurenge bobo bavuga ko ata shaka babifitiye kuko leta yabo ngo isa n'iyidashaka ko batahuka.

Bandikiye leta y'u Burundi bayimenyesha ko batewe amakenga n'ivyavuzwe n'uwaserukiye Kongo mu nama y'umutekano iheruka kuba i Bujumbura, vy'uko ngo Abanyamurenge babangamiye umutekano wa Kongo.

Impunzi z'Abanyamurenge zabaye iza mbere zavuze ko zishaka gutaha mu mwaka uheze, igihe bashaka kuzimurira mu buraruko kuko inkambi zarimwo mu ntara ya Mwaro yagomba kwugarwa.

Izi mpunzi zigiye mu gihe mu minsi iheze bamwe mu Barundi bari bahungiye muri Kongo batahutse ku mwumvikano hagati y'ama leta abiri na HCR.