U Rwanda rwiteguriye gushinja Paul Resesabagina

Umushinjacaha mukuru w'u Rwanda Martin Ngoga
Image caption Umushinjacaha mukuru w'u Rwanda Martin Ngoga

Ubushinjacaha bw'u Rwanda buvuga ko bumaze gukusanya ibimenyetso bikwiye vy'uko Paul Rusesabagina akorana na FDLR mu mugambi wo guhungabanya u Rwanda.

Bwana Martin Ngoga yabariye BBC ko bafise ibihamya vyerekana ko yahaye amafaranga uwo mugwi, ku buryo bagiye kwitwara mu masentare ashoboka.

Ngo ibirego vya mbere biramaze gushikirizwa leta zunze umwe za Amerika ngo zitangure amatohoza ku vyaha uwo mugabi yagirizwa.

Ariko Paul Rusesabagina avuga ko mu Rwanda ata butungane buhari, ngo hari ubucamanza gusa ku buryo adashobora kwizera gucibwa urubanza rugororotse.

Ngo ariko bamutumyeko ahandi hose, harimwo na sentare mpanavyaha mpuzamakungu yashiriweko u Rwanda canke igihugu c'Ububirigi aho asanzwe aba, ngo yokwitaba ata nkomanzi.

Ubushinjacaha bw'u Rwanda kandi ngo bufise umugambi wo gusaba sentare igafatanya urubanza rwa Rusesabagina n'urwa Victoire Ingabire, umukuru wa FDU Inkingi apfungiwe mu Rwanda.

Bwana Martin Ngoga yavuze yuko abo babiri bafise ivya bisa, vyerekeye gukorana n'umugwi ufatwa nk'uwiterabwoba.