Urubanza rwa Col Rugigana Ngabo muri sentare ya EAC

Colonel Rugigana Ngabo
Image caption Colonel Rugigana Ngabo

Uwuburanira Col Rugigana Ngabo, umusirikare w'ingabo z'u Rwanda, yareze ubucamanza bw'u Rwanda kuri sentare y'agateka ka zina muntu y'umuryango wa Afrika yo mu buseruko.

Maitre Ladislas Rwakafuuzi arega ubucamanza bw'u Rwanda kuba bwarapfunze Col Ngabo butamenyesheje neza igituma canke ngo acibwe urubanza.

Ngo ari umuryango wiwe canke Croix Rouge nta numwe yigeze yemererwa kumusura aho apfungiwe canke ngo bahamenyeshwe.

Maitre Rwakafuuzi avuga ko ivyo ari ukurenga ku burenganzira bwiwe, mu gihe ngo yagomba gucibwa urubanza agahanwa canke akezwa.

Ngo uwasavye ko ico kirego gitangwa ni mushiki wa Col Ngabo aba muri Uganda, Maitre Rwakafuuzi akavuga ko gutanga ikirego kuri iyo sentare, vyatewe n'uko batizeye ubutungane bw'u Rwanda.

Abajijwe nimba ivyo arega abifitiye ivyemezi mu gihe atishikiye mu Rwanda ngo avugane n'uwo agiye kuburanira canke ubucamanza bw'u Rwanda, Maitre Rwakafuuzi yavuze ko muri ico gihe aribo bazerekana ko yihenze, ko uwo aburanira ameze neza.