U Rwanda ruhimiriza gusiramura mu kurwanya SIDA

Virusi itera Sida
Image caption Virusi itera Sida

U Rwanda rufise umugambi wo gusiramuza abagabo imiriyoni zibiri mu myaka ibiri iri imbere mu ntumbero yo kurwanya ingwara ya Sida.

Umukuru w'ikigo c'igihuru kijejwe kurwanya SIDA, Dr Anita Asiimwe, yabariye BBC ko ubushakashatsi bwerekanye ko gusiramura bikingira SIDA muri Afrika y'epfo na Uganda.

Yavuze yuko u Rwanda rufise uburyo bwo gushira muri uwo mugambi, gusa ngo hakenewe ubuhinga bwo kubigira.

Yavuze kandi yuko hari abagabo bamaze kwemera ko bashaka gusiramurwa muri uwo mugambi ugiye gutanguzwa mw'isekeza.

Mu Rwanda abanduye agakoko gatera SIDA ni batatu kw'ijana, ikigo mpuzamakungu kirwanya iyo ndwara kikaba caremereye u Rwanda imiriyoni 380 mu myaka itatu iri imbere.