Inama y'aba Cardina ba Katolika i Roma

Aba Cardinal ba Katolika
Image caption Aba Cardinal ba Katolika

Aba Cardinal bashika kw'ijana bavuye mu mihingo yose kw'isi bahuriye i Roma mu Butariyano ngo basangire igisabisho banabonane na Papa.

Abo ba Cardina biteze kuganira vyinshi, kw'isonga hari ikibazo c'abapatiri bahohoteye abana mu kubashurashuza.

Ico kibazo cahagurikije benshi mu basanzwe batabona neza idini rya Katolika, bagashaka ko Papa Benedict wa 16 asaba ikigongwe ku mugaragaro.

Muri iyo nama kandi, Papa Benedict azokwimika aba Cardninal bashasha bashika ku mirongo ibiri na bane, baje mu mugwi w'abatewe iiteka ryo gutora umu Papa.