Prezida Obama ashaka guhangana na LRA

Umukuru wa LRA Jose Kony
Image caption Umukuru wa LRA Jose Kony

Umukuru wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashikirije inama nshingamateka umugambi wo kwaka ibirwanisho Lords Resistance Army.

Ibiri muri uwo mugambi ariko ntivyigeze bimenyeshwa, ibiro vya Prezida Obama bikaba bivuga ko hazokenerwa inkungana y'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Inama nkenguza mateka ya Amerika yari yemeje itegeko ryo guhanga n'uwo mugwi usongereye isibe muri Afrika yo hagati, ikaba yari yahaye Obama amezi atandatu yo gushira ahabona umugambi.

Igisirikare ca Uganda cari kimaze imyaka itari mike kirwanya LRA muri Kongo, ariko gushika ubu vyarananiranye gutuza uwo muhari urondera abasoda mu kunyuruza abana.

Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, Lt Col Felix Kurayigye, yabariye BBC ko ico bakeneye ko Amerika yobaronsa ari ubuhinga bwo kumenya aho abarwanyi ba LRA baherereye.