Standby brigade nyafurika

Abasirikare b'Abarundi
Image caption Abasirikare b'Abarundi

I Bujumbura mu Burundi, huguruwe inama ihuza abahinga mu vya gisirikare baturuka mu karere ka Afrik a y’ubuseruko.

Bahuye kugira barabire hamwe ingene Afrika yose ishobora guhangana n’ibibazo vy’ingwano, hakoreshejwe inguvu zayo, hatarenze mu mwaka w’2015.

Abo bahinga baturuka mu bihugu 10 arivyo Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Somalia, Soudani, Ehiopia, Djibouti, Kenya, Seyschel, hamwe n’amazinga ya Comores.

Vyose vyobaye 14, ariko Tanzania na Ile Maurice vyashimye gukorana n’ibihugu vyo mu bumanuko bihurikiye muri SADEC, Erytrea na Madagascar navyo bikaba bitarinjira kubera ingorane bisanganywe.

Uwuyoboye uwo mugambi, umurundi General Cyrille Ndayirukiye, avuga ko ikiringo bihaye kizogera Africa imaze kuronka abasirikare baharurwa mu bihumbi 15, bashobora gutabara igihugu cadutsemwo ingwano.

Muri uwo mugambi Afrika yagabuwemwo intara zitatu, imwe imwe yose ikaba izotegura ingabo ibihumbi bitatu.