Agathon Rwasa yavuze ijambo mu bwihisho

Agathon Rwasa
Image caption Agathon Rwasa

Agathon Rwasa asanzwe yemeza ko akirongoye umugambwe FNL, ngo ntiharagera ko atahuka mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije abarundi n’abanywanyi biwe abicishije muri vya vyuma bafatirako amajwi bita cassette, avuga ko n’ubu aguma ahigwa buhongo.

Aranegura ariko intwaro ya Petero Nkurunziza na leta arongoye, akemeza ko abategetsi bafise akarimi gasosa mugabo ngo imvugo itigera ijana n’ingiro.

Aha agaruka kuri rya jambo umukuru w’igihugu yashikiriza, y’uko agiye kugwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta, ivyo yise tolerance zero.

Agathon Rwasa wewe abona ko bitariko birakorwa, aranababazwa kandi n’ingene abahunguka basaba amatongo ntibayaronke, mugabo prezida Nkurunziza ngo ayafise hafi igihugu cose kandi manini manini, ndetse hagakoreshwa n’uburyo bwa leta, hageze igihe co gukorera canke gusarura ayo matongo.