Imam Congera yarasiwe i Bujumbura

Abayisilamu bagiye gushyingura Imam Hamza
Image caption Abayisilamu bagiye gushyingura Imam Hamza

I Bujumbura mu Burundi, uwuyoboye amasengasho mu ba islam kw’ibarabara ry’i 7 mu Buyenzi yagandaguwe mu gaturuturu n’abantu batamenyekanye, igihe yari agiye gusengesha.

Aba Islam bo ngaho mu Buyenzi barababajwe n’urwo rupfu, ngo rushobora kuba rwavuye ku kutamvikana mu vy’idini ryabo,ariko n’imvo ya politique ntibayihakana.

Aba islam isinzi bari bagiye ku maziko y’uwo bita imam sheikh Hamza Congera yari arongoye amasengesho ku ry’i 7 rya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.

Kuva ku musigiti bahejeje amasengesho y’isaha 6 n’igice, gushika ku kaburi kari muri komine ya Ngagara,bagenda n’amaguru batwaye ikiziga.

Abatari bwamenye ivyabaye bagira ngo n’imyiyerekano, kuko n ‘imiduga aho bageze ntiyashobora kurengana.