Umugambwe CNDP winjiye mu runani rushigikiye prezida Kabila

President Joseph Kabila
Image caption President Joseph Kabila

Umugambwe CNDP wahoze urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa n'ibirwanisho, winjiye mu runani rw'imigambwe ishigikiye prezida Joseph Kabira.

Uwurongoye uwo mugambwe Philippe Gafishi Ngango, avuga ko bafashe iyo ngingo mu ntumbero yo kubandanya bashira mu ngiro amasezerano y'amahoro, harimwo gutahukana impunzi no kuvanga igisirikare.

Gafishi arahakana ko hari izindi mpamvu zitumye bifatanya n'urunani rushikiye prezida Joseph Kabira ahubwo ngo n'ukugira bafashe mu kugarukana amahoro muri Congo.

Umugambwe CNDP uzoba uri mu runani rushigikiye prezida Kabira mu matora yo mu mwaka uza.