Iperereza kw'ikororwa ry'indege ya Habyarimana.

Ibisigarira vy'Indege yarimwo Prezida Habyarimana Juvenal.
Image caption Ibisigarira vy'Indege yarimwo Prezida Habyarimana Juvenal.

Ubufaransa bwashize ahabona amazina y'abasirikare bakuru batandatu b'Urwanda bakekwa kugira uruhara mw'ikororwa ry'indege irimwo Prezida Habyarimana w'Urwanda na Cyprien Ntaryamira w'Uburundi.

Abo basirikare ni umushikiranganji wo kwivuna abansi Lt Gen James Kabarebe, Charles Kayonga, Jack Nziza , Jacob Tumwine, Sam Kaka hamwe na Franck Nziza.

Ubufaransa bwarigeze gusohora imitahe yo guhagarika abo bategetsi, ico gihe bikaba vyatumye imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri ihagarara.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko itanguzwa ry'ayo matohoza ryatumye hakurwaho impapuro zo kubafata yari yatanzwe n'igihugu c'Ubufaransa.

Ku ruhande rw'Urwanda, Umushikiranganji w'ubutungane Tharcisse Karugarama, avuga ko kuba havanyweho impapuro zibarondeza ari ikintu ciza, kandi ko igihe cose bazobakenera bazitaba ubutungane.