Prezida Pierre Nkurunziza arakomeye, nta n'umutwe aniha.

Prezida Pierre Nkurunziza
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza

Mu kiganiro yahaye abanyagihugu ku murongo wa telefone, prezida Pierre Nkurunziza, yavuze ko akomeye, kandi akora akazi kiwe ukuri kwamye.

Umukuru w'igihugu yabwiye kandi abarundi ko ata migwi yitwaje ibirwanisho iriho, ari imigwi y'ibisuma kandi na yo nyene bayirembeje hakaba hasigaye iyitarenga itatu gusa.

Ku babajije aho urugamba rwo kurwanya igiturire rugeze, Prezida Pierre Nkurunziza yabishuye ko rubandanya, ariko abibutsa ko ari akazi ka buri murundi wese.

Ico kiganiro kigenewe abanyagihugu agitanga uko amezi atatu aheze, ariko icaheruka cari cabaye mu kwezi kwa kane.