Urukiko rwa Angola rwakatiye umunyecongo

Uwishe abakinnyi ba Togo yakatiwe
Image caption Uwishe abakinnyi ba Togo yakatiwe

Urukiko rwo muri Angola rwakatiye igifungo cy'imyaka 24, umunyecongo Joao Antonio Puati, ushinjwa kugaba igitero k'umurwi w'umupira w'amaguru userukira Togo warugiye mu mikino y'igikombe cy'Afrika mu ntangiriro z'uyu mwaka.

Uyu murwi warashwe urufaya rw'amasasu igihe waruri muri bus, ugeze mu ntara ya Cabinda iri mu majyaruguru ya Angola.

Uburanira Antonio avuga ko azize impamvu za politike, kuko ari umunyecongo, kandi Angola ikaba irega leta ya Kinshasa gufasha abashaka ubwigenge bw'intara ya Cabinda. Yavuze ko bazajurira.