Urupfu rwa Christophe Matata

Jean Christophe Matata yapfuye
Image caption Jean Christophe Matata yapfuye

Uwo muririmvyi yaryamiye ukuboko kw’abagabo ejo nk’igihe c’isaha zitanu zijoro.

Yari mu runganwe rw’abaranze ibihe bikomeye vy’umuziki mu Burundi hagati y’imyaka ya 70 na 80.

Mu kinganiro uwaserukiye umuryango wiwe yahaye abamenyeshamakuru, Ngabo Leonce yavuze ko yitavye Imana amaze akanya ashitse mu bitaro I Cape Town.

Ngo yari asanzwe amaze igihe avuga ko yumva hari ikitagenda neza mu magara yiwe.

Abaganga baca basanga ihaha ryiwe ry’ibubamfu rigwaye bigeze kure cane aca asandaba bagitanguye kugerageze kuraba ko borokora ubuzima bwiwe..

Aho hose Matata yari amaze amezi abiri ahop muri Africa y’epfo aremesha ibiteramo vy’umuziki.

Jean Christophe Matata apfuye afise imyaka 50 y’amavuka, yari afise abana babiri bakuze n’ubwo atigeze arongora , ahubwo mu minsi mike niho yariko aritegurira gushinga urugo, yari yakoye mu kwezi kwa 12 guheze.