Abamenyeshamakuru babiri bitavye ubutungane mu Rwanda

ibendera ry'Urwanda
Image caption ibendera ry'Urwanda

Saidath Mukakibibi na Agnes Nkusi Uwimana b'ikinyamakuru Umurabyo bitavye ubutungane bw'Urwanda bagirizwa guhungabanya umutekano w'igihugu no kubiba amacakubiri.

Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe mu kwezi kw'indwi bamaze kwandika ko abanyarwanda batishimiye ubutegetsi bwa Prezida Paul Kagame.

Umushikirizamanza akaba yabagirije ko ubwo bwari uburyo bwo kwankisha reta no kugumura abanyagihugu. Bose ko ari babiri barahakana ivyo bagirizwa.

Saidath Mukakibibi yasabiwe igihano co gupfungwa imyaka 12 na yo umwanditsi mukuru w'Umurabyo Agnes Nkusi Uwimana asabirwa imyaka 33 y'igifungo n'ihadabu y'igihumbi c'amadolars.

Mu kwezi kw'indwi, sentare yari yabankiye icipfuzo cabo co kuburana bataha.