Imyuzure irabandanya muri Australia

Imyuzure muri Australia
Image caption Imyuzure muri Australia

Imyuzure ya mbere ikomeye imaze kuboneka muri Australia mu myaka itari mike, ibangamiye umuji wa gatatu mukuru, Brisbane, ubu akaba ata muntu numwe akiwurangwamwo.

Vyitezwe ko hazoshika amazu ibihumbi 20 amaze kurengerwa n'amazi.

Bamwe mu banyagihugu bagotewe muhira babariye BBC ko mu mihanira myinshi, ubu haboneka hejuru y'amazu gusa hamwe n'ubushorishori bw'ibiti.

Hari umugabo yavuze yuko yabonye inzoka mu nzu yiwe, abandi nabo babona za fi ziryana bita requin mu barabara yatwawe n'uruzi