Mu Burundi amabisi arakora vy'agateganyo

Abagenda na Bus ejo bari babuze ayo bacira n'ayo bamira
Image caption Abagenda na Bus ejo bari babuze ayo bacira n'ayo bamira

Mu Burundi uno munsi nta kibazo co kwiyunguruza cahiriwe nk’uko vyari ejo aho amabisi yahagaritse akazi bibera intambamyi ingenzi.

Haraye habonetse umwumvikano mfatakibanza wo guhagarika ibiciro vyaheruka kuduzwa n’amashirahamwe ashumbusha abagize impanuka assurances, ivyo biciro bikaba arivyo vyari vyatumye ishirahamwe ry’abunguruza abantu n’ibintu bahagarika akazi.

Ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nivyo vyaraye vyumvikanishije abunguruza abantu n’ibintu n’aamashirahamwe ashumbusha abagize impanuka.

Itangazo izo mpande zitatu zashize ko umukono rivuga ko hashinzwe umurwi wahawe ukwezi kwo kwiga kuva aho bukera ibibazo vy’ibiciro vyari vyashinzwe assurances.

Ivyo biciro bishasha nivyo rero vyabaye birahagarikwa kugira babandanye bariha ayo bahora bariha imbere y’ukwezi kw’icumi mu mwaka uheze.

Ariko imiduga idaca amafaranga ntirabwa n’iyo ngingo n’ubwo nayo nyene ibiciro vyongerekanye, ku bwa Deo Ntakarutimana aserukiye ishirahamwe ry'abunguruza abantu ni nk’uko bene iyo miduga babuze uwubaserukira muri ivyo biganiro vyabaye ejo.

Igisata co kwiyungururuza mu Burundi kimaze iminsi kirimwo ibibazo uhereye ku biciro vy’ibitoro bimaze iminsi biduga, amapikipiki arizo taxi moto zitacemerewe kwinjira mu gisagara hagati hamwe rero n’ico kibazo c’iduzwa ry’amafaranga atangirwa imiduga muri assurances.