Abacitse kw'icumu bababajwe n'abakekwa bidegemvya

Itsembabwoko mu Rwanda
Image caption Itsembabwoko mu Rwanda

Abacitse kw'icumu baba mu mahanga bandikiye Prezida Kagame bamumenyesha ko bababajwe n'abakekwa kugira jenose bidegemvya mu Rwanda.

Bavuga ko babajwe no kubona hari abantu bizwi ko bagitse uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, batumiwe mu nama y'umushikirano iheruka kuba mu Rwanda.

Mw'iryo kete, abo bacitse kw'icumu bavuga yuko abantu nkabo iyo baje gutembera mu Rwanda bihahamura abacitse kw'icumu.

Ariko uwuserukiye u Rwanda mu Bubirigi, Gerard Ntwari, yabariye BBC ko abo bantu batari ku ntonde z'abakekwa.

Ambassadeur Ntwari yavuze yuko yizeye ubutunga bw'u Rwanda, ku buryo atibaza ko hari umuntu yoba akekwa, yoja mu Rwanda ntafatwe.