BBC World Service igiye kugabanya abakozi 650

Ibiro vya BBC World Service i Londres
Image caption Ibiro vya BBC World Service i Londres

BBC imaze kwemeza ibigiye kugabanywa mu gisata cayo mpuzamakungu, BBC World Service mu gihe uburyo yahorana bwagabanijwe.

Uretse gufunga zitanu mu ndimi 32 yahora itangamwo ibiganiro, igiye no kwugara ibiganiro vya radio mu ndimi indwi harimwo ikirusia, iki mandarin c’abashinwa, i turikia hamwe n’ururimi rwo muri Ukraine.

Ibindi bisata bitandatu navyo bizohagarara kwumvikane ku mirongo ya metero ariyo ondes courtes aho hakaba harimwo igihindi, indonesia, igiswahili hamwe na BBC Haguzamiryango, hazogabanuke kandi ibiganiro mu congereza.

Ibiganiro bitatu vyari bizwi cane mu rurimi rw’ikirusiya bizobandanya kuri internet ariko igisata c’ikirusiya kizotakaza igice c’abakozi cahorana.

Muri rusangi hazofutwa ubuzi amajana atandatu na mirongo itanu mu myaka itatu, bukaba bungana n’ica kane c’abakozi bose BBC yari ifise muri iki gihe.

BBC yavuze ko abumviriza igisata cayo mpuzamakungu bazogabanukako abarenga million 30 ku ndwi kuva ku millioni 180 gushika ku millioni 150.

Sir John Tusa yigeze kuba umuyobozi w’igisata mpuzamakungu yavuze ko iryo gabanurwa ari ribi cane ku bumviriza BBC, kuri politike mpuzamakungu y’Ubwomgereza no ku gisata mpuzamakungu ca BBC ubwaco.