FDU Inkingi yiyunze na Rwanda National Congress

Umukuru wa FDU Inkingi, Victoire Ingabire
Image caption Umukuru wa FDU Inkingi, Victoire Ingabire

Umugambwe utaremererwa gukorera ahabona mu Rwanda, FDU Inkingi, na Rwanda National Congress yavutse muri Amerika yasohoye itangazo imenyesha ko yiyunze.

Iyo migambwe ivuga yuko yifuza gushikana ku banyarwanda intwaro ya demockrasi ifatiye ku gukurikiza amategeko n'ubutungane.

Ivuga yuko ishaka gukura mu Rwanda gutwaza igitugu hamwe no gukumirana.

Aho abaserukiye iyo migambwe bavugana na BBC, bavuze yuko kuba abakuriye iyo migambwe bagirizwa ivyaha bikomeye na leta y'u Rwanda, bitazobera intambamyi ibikorwa vyayo.

Umukuru wa FDU Inkingi, Victoire Ingabire apfungiwe mu Rwanda yagirizwa kubiba amacakubiri no gushinga umugwi w'iterabwoba, mu gihe abashinze RNC barimwo Gen Kayumba Nyamwasa, baheruka gusohorerwa n'u Rwanda imitahe yo gufatwa.