Itana mu mitwe i Cairo muri Egypt

Itana mu mitwe muri Egypt Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Itana mu mitwe muri Egypt

Habaye ugutana mu mitwe gukomeye mu muji wa Cairo hagati y'abashigikiye Prezida Hosni Mubarak n'abashaka ko ava ku butegetsi.

Imigwi y'abo batavuga rumwe bateje akaguma, barwana bakoresheje ingumu n'inkoni, banaterana amabuye.

Abagabo bari ku mafarasi n'ingamiya basumiye mu kibanza ca Tahrir bari kumwe n'abandi bashigikiye prezida Mubarack, nabo bivanga mu barwana.

Imirwano yaciye itandukira mu mabarabara yose, bikaba bivugwa ko abantu bsenhi bakomeretse.

Igisirikare, kare cari casavye abashigikiye Mubarak ngo batahe muhira, gushika ubu ntikiravyinjiramwo.