Umushikiranganji wa mbere wa Misiri asaba ikigongwe

Umushikiranganji wa mbere wa Misiri, Amed Shafiq Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Misiri, Amed Shafiq

Ku buryo budasanzwe umushikiranganji wa mbere wa Misiri, Ahmed Shafiq, yasavye ikigongwe kubera itana mu mitwe hagati y'abashigikiye Prezida Mubarak n'abashaka ko avako.

Bwana Shafiq yemeye ko hazoba itohoza, mu gihe icegera c'umukuru w'igihugu, Omar Suleiman, yavuze ko ababiri inyuma bazohanwa.

Bwana Suleiman kandi yavugiye kuri television y'igihugu ko umuhungu wa Prezida Mubarak, Gamal, atazokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Bubaye ubwa mbere bimenyeshwa ku mugaragaro ko Gamal atazosubirira se mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Ibindi vyabaye bishasha ni uko, umushinjacaha mukuru wa Egypt yasohoye itegeko ribuza kuva mu gihugu abahoze ari abashikiranganji batatu hamwe n'umutegetsi umwe wo mu mugambwe uri ku butegetsi.