Mu Misiri abanyagihugu baracashavuye

Mu kibanza Tahrir i Cairo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mu kibanza Tahrir i Cairo

Naho Prezida Mubarak yatanze imihoho mu mpera z'indwi iheze nk'uko abari mu myigaragamvyo babimusaba, ishavu mu banyagihugu riracari ryose.

Habaye imyiyerekano ikomeye cane imbere y'inyubakwa ya radio television y'igihugu, hafi y'inkengera za Nil.

Aha niho benshi mu bakozi ba leta bakoraniye, abatwara za bus, abakora mu bisagara, eka n'abandi bakozi batobato .

Bababajwe no kubona ukuntu imishahara yabo ari mitoyi, nayo ubuzima bukomeza kuzimba ku munsi ku yundi.

Biboneka ko bifuza gutera muri ico kibanza, bakahaturira nk'uko babigenjeje mu minsi iheze ku ngoro y'umugambwe wari ku butegetsi.

Kugira ivyo ntibibe, iyi nyubakwa ikikijwe n'ibimodokari vya gisirikare hamwe n'abasirikare bafise ibirwanisho bikomeye cane.

Birateye ubwoba, ni ibintu bikomeye cane.

Aba n'abantu bashavuye, ntibakunda gufatwa amaphoto canke ngo bavugishe abanyamakuru b'abanyamahanga.

Batandukanye mu buryo bwinshi n'abari bamaze iminsi mu kibanza ca Tahrir mu minsi iheze basaba ko Hosni Mubarak atanga imihoho.

Ku vy'ukuri aba bantu bitayeho ikibazo c'ubutunzi kuruta impinduka muri politique.