Ubushinwa mu ruhagarara rw' imyiyerekano

umwe mu bari mu myiyerekanoafatiwe imbere y'inzu ya cinema yitiriwe amahoro, Shanghai Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters (audio)
Image caption Protestor arrested in Shanghai

Uwujejwe umutekano mu Bushinwa, avuga ko leta ibwirizwa gutora inzira zo gucuresha umudugararo mu gihugu, inyuma y'aho igi polisi gipfubirije imyiyerekano mu mpera y'iyi ndwi.

Iyo myiyerekano yakozwe n'abari bafatiye akarorero ku yibera mu bihugu vy'abarabu, uwo mutegetsi, Zhouo Yongkang, akavuga ko kutumvikana n'amatati mu Bushinwa bibwirizwa kumenyekana hakiri kare.

Avuga kandi ko bikenewe kw'igihugu kigira ibiranga buri muntu wese ku rwego rw'igihugu, ku buryo bashobora gutora uwariwe wese bifuza bitagoranye.

Ku munsi w'Imana, igipolisi carashwiragije imirwi w'abantu bake, baribakoranye kuber'ubutumwa bwacishijwe kuri internet bukomoza ivyo abaharanira guhindura intwaro bita Jasmine Revolution.