Intambara muri Somalia

Abarundi bo mu rwego AMISOM
Image caption Abasirikare b'abarundi bo mu rwego rwa Afrika yunz'ubumwe muri Somalia AMISOM

Umuvugizi w'igisirikare c' Uburundi arahakana ibivurwa na Al shabaab ko yatwaye ibiziga vy'abasirikare b'abarundi bari mu rwego AMISOM.

Colonel Gaspard Baratuza yemeza ko hari abasirikare batandatu ba AMISOM basize ubuzima mur'iyo ntambara, ariko yavuze ko atoshoka yemeza kw'ar'abarundi.

Colonel Baratuza avuga kw'ivyo Al Shabaab yemeza ko yanafashe ingwati umwe mu basirikare b' Uburundi atari vyo.

Ico bikoze ariko ngw' abategetsi ba gisirikare bafise uburyo bwo gushikiriza amakuru imiryango y'abari muri Somalia mu gihe hari uwuhuye n'ingorane mur'iyo ntambara.

Umurwi Al shabaab werekanye ku rubuga rwawo rwa inetrnet no kuri you tube, isanamu n'ijwi (video) y' umuntu yambaye impuzu za gisirikare avuga mu kirundi.

uyu mugabo aboneka ko yakomeretse ku kuguru, bavuga ko ar'umusitrikare w' umurundi bafashe ingwati.