Ngo hoba hari ingorane muri CNDD-FDD

Ibendera ry'Uburundi
Image caption Ibendera ry'Uburundi

Mu Burundi, umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD usa n'uwufise ingorane hagati muri wo mu gihe hari umwe mu ndongozi zawo yasohoye itangazo ryo kwiyamiriza akarwi gafatiye amaboko imugongo umugambwe n'igihugu.

Uwo ni Colonel Manasse Nzobonimpa asanzwe ari mu nama y'inararibonye za CNDD FDD.

Avuga ko hari akarwi k'abantu kinyegeza inyuma y'umugambwe kugira gasahure amatunga y'igihugu, ngo kakaba gatesha urubwa umugambwe n'igihugu.

Colonel Manasse Nzobonimpa yabivuze mw'itangazo yasohoye mu mpera z'indwi iheze mu gihe umugambwe uriko uritegurira ikoraniro kaminuza.